Ikete rivuye mw’ishengero ryo muri Egiputa
Note on this article: The original "Letter from the church in Egypt" was posted on the S4J blog on Monday morning 19 August 2013. Here is the link to the original letter. Solomon Butoyi has translated the letter into Kirundi, to encourage people speaking the language to pray more effectively for Egypt. Kirundi, also known as Rundi, is a dialect of the Rwanda-Rundi language spoken by nine million people in Burundi and adjacent parts of Tanzania. See link to the language on Wikipedia here.
Thank you Solomon for taking the effort to do this translation, as published below. may God bless you for it!
"Ncuti bagenzi na mwe dukorana imirimo, Reka ntangure ndabamenyesha ko ndabashimira ku ntererano, gufashanya n’amasengesho vyanyu mutugirira mu bihe bigoye nk’ibi. Ni ivy’igiciro kuri twe. Har’aho mwoba mwarumvise ibiriko birabera muri Egiputa muvyumviye mu bimenyesha makuru, ku maradiyo no ku mbonesha kure. Ivyo mwumvise ntaho bisa bisana n’ibiriko biraba vy’ukuri. Nagomba rero ndabibwirire neza inca make y’uko biriko biragenda hano muri Egiputa.
![]() |
Umwe mu bashigikira umuhari w’abisilamu ariko arasa abanyagihugu |
Mu gihe Egiputa iriko iraharanira kurwanya iterabwoba, turiko turabona ihohoterwa tutari bwabone kandi tutari twiteze. Haciye iminsi irenga mirongo ine umuhari ushigikiye umukuru w’igihuge Mohammed Morsi aherutse kuva ku butegetsi biyegeranirije mu migwi ikomeye mu gisagara c’Ikayiro ariwo murwa mukuru wa Egiputa, basaba ko Mohammed Morsi yosubizwa ku butegetsi ico naco kikaba ari ikidashoboka. Abagize iyo migwi bavuga ko bariko baragira imyiyerekano mu mutekano nk’uko ibinyamakuru n’imboneshakure babivuga ariko siko biri kuko bakoresha ibirwanishwa vy’uburyo butandukanye. Babangamiye inzego z’igihugu z’umutekano! Umuntu wese yagomvye guca mu kibanza aba bantu baherereeye mwo na cane cane ko ari ahantu hatuwe n’abantu benshi, yaratotejwe, agakubitwa no gushika aho apfuye! Abantu barenze 20 baraturiwe babahamba mur’ako karere iyo migwi ikorera mwo. Ibiziga vyabo vyazikuruwe aho vyahambwe n’iyo mihari kugira inyegeze ubwo bugizi bwa nabi.
![]() |
Aba n’abana bambitse impuzu z’abapfuye |
Twirengagije abanyagihugu barenga imiliyoni 33, bagiye mu mabarabara kw’itariki 30 z’ukwezi kwa gatandatu no ku 26 z’ukw’indwi biyamiriza amategeko y’iyo migwi, Iyo migwi nyene irarengeje guhonyanga agateka ka kiremwa muntu. Bakoresheje abana n’abagogere kugira ngo bababere inkinzo. Bafashe utwana tutagira ikituvugira twaba mu marerero y’imfuvyi, batwambika impuzu bambika abapfuye bagashiko ikimenyetse kivuga ngo “aba ni abamaratiri”(bisigura ko ari abagiye gupfa).
Akandi karorero, n’igihe abapolisi bariko barakurikirana umwe mubagizi ba nabi yarashe umupolisi, bamaze kurasa imodokari y’uwo mugizi wa nabi basanze mwo umwana w’umukobwa yapfuye arashwe n’ayo masase! Ni nde muvyeyi yokwemera gutanga umwana wiwe ngo aje kugwa mu mporero ngo agwe mu modoka y’inkozi zibibi azi ko ziriko zironderwa na polisi? Igihe ivyo vyose nabibona, narishwe n’agahinda cane. Mbabazwa no kubona akarengenyo abakristo barenganywa, n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu muri rusangi. Mbabazwa birengeje no kubona ibimenyesha makuru, amaradiyo n’imboneshakure binumira ntibavugishe ukuri ahubwo bakabita ngo ni « abaharanira amahoro » canke ngo « bagira imyiyerekano mu mutekano »!
Haciye iminsi irenga 40 abagize reta y’imfatakibanza bahaye akaryo abarongozi b’uyo mugwi wiyita ngo ni Abavukanyi b’abayisiramu ngo baze mu biganiro vyo kumvikana bigirishwa n’amakungu. Ariko kubwo kwishira hejuru kwabo, ivyo biganiro ntibemeye kubizamwo, ahubwo bashizeho indahiro ngo « Morsi adasubiye kubutegetsi Egiputa bazoyihindura imigende y’amaraso ». Ibintu bigeze aho uyo mugwi utacubahiriza n’inzego ziri kubutegetsi na gatoyi.

Ku musi wa kane uheze wabaye umunsi waranzwe n’ingorane zikomeye mugihugu ca Egiputa, aho abajejwe umutekano bakoresheje inguvu bagakuraho amabariyeri mu mabarabara ari mu karere izo ntagondwa zari ziri, abajejwe umutekano bari basavye abagomba kuva mur’ako karere bose kuneza ko bohava. Ubwo haciye imirwano kugirango izo ntagondwa zemere gukuraho ayo mabariyeri. Abapfiriye mur’iyo mirwano bashika 500 bose hamwe ( ari kuruhande ry’intagondwa no kuruhande ry’abacunze umutekano), ariko vy’ukuri abajejwe umutekano bari bakoze uko bashoboye kugira ntihagire ibara ryogwa. Imbere y’uko bafata ingingo yo kurasana izo ntagondwa zari zamaze kwica abapolisi bashika 18 mu gihe atamirwano barimwo.
Kuva kur’uwo munsi wa kane, uyo mugwi ntiwigeze uhagarika gushira mu ngiro ico bari bavuze ko bazohindura Egiputa imigende y’amaraso. N’aho hari ivyizigiro vyo kubona igihugu cacu dukunda kiri mu mutekano, sinoreka kwerekana akababaro nagize kubw’ibikorwa bibi uyo mugwi wagize kandi ubandanya kugira. Amashengero arenga 80, Inyubakwa n’ibiro vy’abakristo vyaraturiwe, imihana y’abakristo n’abandi badashigikiye uyo mugwi, amamangazini, amashure nibindi vyinshi vyaraturiwe ubu n’imisaka. Bateye kuvyicaro vy’amabanki, kubirindiro vy’abapolisi, kubitaro, n’ahantu hose hakorerwa ibikorwa vy’iterambere ry’igihugu.
Ikindi kibabaje n’uko amakungu ataco yigeze avuga kur’ubu bugizi bwa nabi biriko burakorwa n’iyu murwi, ahubwo asa naho umenga arashigikiye izo nkozi zikibi mu kuduza idarapo ryabo ryirabura Al-Qaeda. Turatangazwa cane n’ukuntu ibinyamakuru biguma bivuga ngo n’umugwi uharanira amahoro ugomba ikibanza muri reta aho kuvugisha ukuri ko ari imigwi y’itera bwoba! Ubu nyene ibihugu biteye imbere birakenyeye bishigikire imigwi y’inkozi z’ibibi kubw’inyungu barondera mur’ibi bihugu vyacu?!

Ariko kandi ikinezereja n’ukunta abanyagihugu bafatanye munda mu buryo butigeze kubaho. Aba isilamu batari mur’uyo mugwi bafashanya n’abakristo gukingira amashengero iyo atewe. Intumbero y’uyo mugwi kwari gutegura intambara y’abanyagihugu hagati y’abakristo n’ab’isilamu. Iyo nteguro yarapfuye kuko ab’isilamu bose batabashigikiye. Ubu abanyagihugu ntibagihendwa. Icibonekeza kandi kinezereje n’uko iyo hagize isengero abo bagizi ba nabi bateye ngo bayiturire Abakuru b’umusigiti uri hafi y’iyo sengero baca yemerera umupasitori canke patiri w’iryo sengero gukoresha ibinyamajwi vy’umusigiti kugira ararike abantu ngo baze gukigira iyo sengero! Umuvugizi wa reta mu kiganiro yatanze, yavuze ati abanyagihugu nti bahuriye hamwe ku gukingira ivyabo gusa, ahubwo bahurije hamwe kurwanya umwansi umwe. Abanyagihugu bahagurukiye rimwe kurwanya iterabwoba ubutagaruka. Biteguriye kuriha ikiguzi icarico cose vyobasaba.
Jewe nk’umukristo ndababazwa n’iyicwa ririko riraba ryaba iry’abisiramu canke abakristo bariko bazira ubusa. Ndemeranya n’abarongozi b’amashengero bavuze bati nimba ikiguzi gikenewe kugira havuke Egiputa nshasha ari gusamburwa kw’amasengero yacu, turemeye asamburwe ariko habeho impinduka. Ibitero biriko biragirirwa amashengero biribonekeza ko atari ibirondera amashengero gusa ariko bitumbereye no gusabura igihugu cose.
Ibihe bigoye nk’ibi tuzobisohoka mwo bisigiye Egiputa izina rikomeye. Egiputa iriko irarwanya vyimazeyo ubugizi bwa nabi bufatiye kw’iterabwoba ngo isubire kugira ukwidegemvya gusesuye kuri buri mu nyagihugu wese. Turazi ko bizodusaba ikiguzi no kwitanga gukomeye ariko ukuvuka kwa kazoza keza tubona kuratwongerereza intege mu rugamba turimwo. Ntaho bitaniye n’ico Umwami Yesu yavuze ati “ Iyo umugore agomba kuvyara agira umubabaro mwishi kuko igihe ciwe co kuvyara kigeza, ariko iyo amaze kuvyara ntasubira kwibuka umubabaro yagize, agira umunezero kuko umwana uvutse mw’isi”.